Rwanda Forums Rwanda Facts The Rwanda Big Lie UMUGAMBWE CNDD-FDD URAGIYE AMAZIMAYONGO NK’IFU Y’IMIJIRA! 28/07/2016

#27850

UMUGAMBWE CNDD-FDD URAGIYE AMAZIMAYONGO NK’IFU Y’IMIJIRA! 28/07/2016

Mu rukurikirane rwa ‪#‎nyamugigima‬ isenyura inzego iriko irazungagiza ibintu n’abantu mu mugambwe ‪‎Cndd_Fdd‬,twarababwiye ibihangange bihanganye amaso nk’impfizi z’intama zigira zitane mu mitwe!

Inyuma y’aho abarongoye umugambwe mu gisagra ca ‪‎Bujumbura‬,bakoreye inama yo gutegura amatora yo ku mitumba n’amakaritiye,hakaza itegeko ry’umukuru w’igisagara ryo kubashwiragiza hakoreshejwe uwurongoye igiporisi mu gisagara,bakabirukankana batanasezeranye,
Abo barongoye umugambwe bagatabaza ‪#‎umukuru_w_inararibonye‬ ariwe ‪‎Nkurunziza‬,bagataka n’umukuru w’umugambwe ‪Pascal_Nyabenda‬ bikaba impfagusa,ubu icuka gisa n’icunyutse!

Uwu musi wa kane,28/07/2016 ,hari hategekanyijwe integuro y’amatora y’abarongoye amakomine,ariko kubera induru zigisekera mu yabaye ku mitumba n’abamakaritiye,abarongoye umugambwe mu gisagara eka n’ahandi mu zindi ntara bariko basa n’abasokora muri iryo tunganywa ry’amatora mu makomine kuko hashobora n’ukubamwo uguseseka kw’amaraso!

Ababaye aba mbere muri ukwo guhagarika iyo nteguro y’amatora bakaba babaye abanyagisagara ca Bujumbura,aho mu rwandiko bandikiye Nkurunziza na Nyabenda babamenyesheje ko ku mvo:

1.Ukutubahiriza amategeko vyatse indaro mu mugambwe Cndd-Fdd,

2.Amategeko asigaye azanana mu binywabi,akaba ariyo akurikizwa,bigatuma inzego zihari zijuragirika,zigasuzugurika imbere y’abo zirongoye,

3.Integuro ya bamwe bamwe bamaze guhiga kugirira nabi abandi muri uwo mugambwe bivuye ku ndongozi zo hejuru ku rwego rw’igihugu zisigaye zigira sindabibazwa,

Bafashe ingingo yo kuba barabangiriye muri iryo tunganywa ry’amatora yari ategekanyijwe ku rwego rw’amakomine!

Amakuru y’ibanga ariko aradushikira,avuga ko indongozi zimwe zimwe z’umugambwe mu ntara nka zose,boba bariko baritegurira gutanga imihoho bivuye ku kajagari kari mu mugambwe Cndd-Fdd!

Isoko ryacu riri mu biro bikuru vy’umugambwe Cndd-Fdd rikaba ryatubwiye ko ukwo gusambuka n’ukugenda amazimayongo kw’uwo mugambwe,biriko biva ku bihangange 2 akaba arivyo ‪#‎Nkurunziza_na_Nyabenda‬ bariko barakwegana aho Nkurunziza ashaka uburongozi bw’ umugambwe hasi kubura hejuru,Nyabenda nawe akamurahira ku mizimu y’abapfuye ko haba icobaye,ariko ata mugambwe amutwarana!

Twagerageje kubaza ukuntu ‪‎Nyabenda_Pascal‬ yoba yarubahutse Nkurunziza n’ukuntu yahora amutinya nk’iyirashwe?
Isoko ryacu riti:”Pascal ashigikiwe n’ibihangange mu gisirikare n’igiporisi bituruka ‪#‎Bubanza_Cibitoke‬,kandi Nkurunziza akabandanya avyonga akarere biramukorako!”