Rwanda Forums Rwanda Facts The Rwanda Big Lie Reply To: The Rwanda Big Lie

#27918

Umugambwe IMBONO CHARISMA wa Audifax Ndabitoreye wavuye mu runani CNARED- GIRITEKA nkuko biri mw-ikete umukuru w-uwo mugambwe yandikiye Jean Minani arongoye urwo runani.Audifax yoba agiye gufata inzira y-intambara?mu ngingo 3 yasiguye zatumye we na REVOLUTION-HAGURUKA ava muri urwo runani,ingingo ya 3 igira iti:”ibiganiro ni wo muti mwiza wo gutorera inyishu ibibazo.ariko iyo Nkurunziza n-abo bari kumwe bahisemwo inzira yo kwica no guhonya abandi kandi bakigisha urwaruka kuja kwica,guhohotera,gufata abakenyezi ku nguvu babahora ko badasangiye ubwoko canke ivyiyumviro,umuti wonyene uhari ni kugwanya n-ukuzimanganya ivyo vyiyumviro.ariyo mpamvu tubona ko igihe turimwo hataragera ko haba ibiganiro kubera ko mu gihe muvuga ibiganiro, Nkurunziza we aba ariko yica kandi ategura intambara…