Rwanda Forums Rwanda Facts The Rwanda Big Lie Reply To: The Rwanda Big Lie

#27704

CAMEZE AMAHEMBE

Umwicanyi Nkurunziza n’ibikoresho vyiwe bakenyeye kugira impfuvyi abarundi bose aho amakuru adushikira kuri uyu wa 14/6/2016 yemeza integuro y’igandagurwa ry’abandi bashongamateka bahereye ku mushingamateka Rwasa Agathon.

Nk’uko ayo makuru avyemeza, integuro ija yaramaze kurangira ikaba iri uku gukurikira, irimwo bamwe muri abo mubona ku masanamu munsi kandi basanzwe ari nabo bagisibije mu Burundi batumwa n’umwicanyi Petero Nkurunziza.

INTEGURO YO GUKORA IBARA

Mu nteguro igamije kwaka ubuzima umushingamateka Rwasa Agathon, haza imbere aba bakurikira:

1) Général Miburo Kamotere
2) Général Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika
3)Général Godefroid Bizimana
4) Général Alain Guillaume Bunyoni
5) Général Marius
6) Colonel Nyamugaruka Dominique
7) Colonel Nyoma yahoze ari umurwanyi mu muhari FNL
8) Colonel Manalex
9) Colonel Ibrahim yahoze mu barwanyi ba FNL
10) Colonel Ndundi akorera mu biro kwa Nkurunziza
11) Colonel Manuel atwara igendereza mu gisata ca documentation intérieure( mu rurimi rw’igifaransa )
12) Général Maurice akorera igendereza muri cabinet rural
13) Général Steve atwara igendereza mu Burundi

ABAJEJWE GUKORA IBARA

Abasginzwe kunywa amaraso ya Nyenicubahiro Rwasa Agathon ni aba bakurikira:

1) Major Désiré Uwamahoro
2) Joseph batazira Kazungu
3) Alexis akorera muri sécurité intérieure, batazira Nkoroka
4) Komiseri Montfort

Aba bose uko ari bane bagakorera ku mategeko ya Général Alain Guillaume Bunyoni, bakaba ari nabo barongoye umugwi wo gushira mu ngiro iyo nteguro.

UMUGWI WO GUSHIRA MU NGIRO IYO NTEGURO

Abahejwe gushira mu ngiro integuro y’igandagurwa rya Nyenicubahiro Rwasa Agathon ni aba bakurikira:

1) Augustin aba mu Kamenge karitiye ya Kavumu
2) Edouard aba mu Kamenge karitiye ya Kavumu
3) Kajaz asanzwe ategurirwa Kiliba Ondes mu gihugu ca Kongo
4) Alexis ari Kiliba Ondes muri Kongo
5)Juvenal aba mu Kinama karitiye ya Bukirasazi 2, nawe nyene abarizwa kenshi Kiliba Ondes
6) Maheros aba mu Kinama muri karitiye ya Bukirasazi 1, akaba Kiliba Ondes
7) Patrick batazira Kagame, uwasubijwe mu buzima busanzwe avuye muri CNDD-FDD
8) Marcel aba mu Kamenge karitiye ya Kavumu, akorera muri SOBUGEA
9) Egide Runyanya wo mu ntara ya Bujumbura bita Bujumbura – rural
10) Alcade wo mu Kayanza
11) Capitaine Kibinda
12) Mafyeri, umwishwa w’uyo bita Kiringurira akaba avuka mu Maramvya mu ntara ya Bujumbura-rural.

Aba bakaba ari nabo bashize mu ngiro igandagurwa ry’umuhisi Général Kararuza Athanase.

ABAJEJWE GUTANGA IBIKORESHO

Inkoho, amaroketi n’ibindi bikoresho bikaba vyashinzwe kuzotangwa n’aba bakurikira:

1) Général Marius
2) Major Désiré Uwamahoro
3) Joseph batazira Kazungu

INDERETSI KU RUJA N’URUZA

Abashinzwe gucungwa uruja n’uruza vya Nyenicubahiro Rwasa Agathon ni aba bakurikira:

Uruja n’uruza mu ngoro no hanze y’ingoro y’inama nshingamateka ruzocungerwa n’aba bakurikira:

1) Umushingamateka Jean Baptiste batazira Gihahe avuka mu Kirundo

2) Kibesani ajejwe umutekano mu nama nshingamateka, akaba avuka i Bubanza aho yanahoze atwara umugambwe CNDD-FDD muri iyo ntara nyene.

ABAJEJWE GUTEGA IMITEGO

Abajejwe gutega imitego umushingamateka Rwasa Agathon ni aba bakurikira:

1) Major Désiré Uwamahoro
2)Jonas
3)Kibinda

Imitego nayo ikaba iri aha hakurikira:
1) Annonciature
2) kw’ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo ariryo boulevard du 28 Novembre
3) No kw’ibarabara rya CEKADE , n’ahandi n’ahandi basanzwe bazi ko ashobora guca.

Ayo makuru nyene atumrlenyesha ko iyo nteguro yo kumara abantu ishobora no gushikira umukuru w’inama nshingamateka akaba n’umukuru w’umugambwe CNDD-FDD, akaba yagirizwa gusa nk’uwipfuza gusubirira Petero Nkurunziza mu mabangq yo kurongora igihugu. Nk’uko isoko ryacu ryabandanije ribitumenyesha, iyo nteguro y’ubwicanyi iriko abantu batatu nkoramutima babwirizwa kugandagurwa; muri abo umuhisi Hafsa Mosi akaba yaraye akuwemwo aho hasigaye kugandagura aba bakurikira:

1) Nyenicubahiro Rwasa Agathon
2) Umushingamateka Nyabenda Pascal.