Rwanda › Forums › Burundi › Burundi Today › Reply To: Burundi Today
Ubwa mbere asabako ivyo agira avuge kugira ntibize bitakare canke ngo vyibagirwe, ko abantu bovyandika, bikabikwa muri ntibate. Asaba abanditsi n’abamenyeshamakuru eka abari aho kuri uyo wa 31/12/2017, kuba ivyabona y’ubwo butumwa yahawe n’imana. Ubutumwa bwiwe buri mu mice ine, aho yabishikirije yisubiriza (répétion).
1. Ngo ijwi ry’imana mushoboravyose, muremyi w’isi n’ijuru, ngo igiye gutigitisha isi n’ijuru kubw’igihugu c’Uburundi.
👉. Gutigitisha (tremblement). Ahari umutigito w’isi haba amarira, induru, ugupfa kw’abantu mu kivuga.
Uravye ibiriko bibera mu Burundi, bikorwa na Nkurunziza, n’akarwi kiwe nkorabara, ivyo bisobanurako ariko ategura ubwicanyi bw’ikivunga, bikitwako vyakozwe n’imana.
2. Ngo imana mushoboravose muremyi w’isi n’ijuru, ngo igiye gukuraho ibinyiganyizwa, kugira hasigare ibitanyiganyizwa.
👉. Iyo ni insiguro ko agiye gukora ububisha bw’ubwoko bwose: génocide, crime de guerre, crime contre l’humanité, violence et harcellement sexuelles, etc.
👉. Gukuraho ibitagira ikimazi bisobanura gukuraho abatavuga rumwe nawe eka n’abo bo muri système banka kumufasha gushira mu ngiro uyo mugambi wiwe ugayitse.
3. Ngo imana mushoboravyose yaremye isi n’ijuru igiye kumenyesha abarundi n’abanyamahanga ko ubwami bwayo ngo buri mu Burundi.
👉. Bisobanurako ahari ubwami bw’imana ata yindi ntwaro ikenewe. Abiyumvira amatora, nibazeruke Nkuru akihari na Ndayicariye Pierre Claver wiwe, na Ntahogwamiye,araziko ibiharuro biza bipanze.
👉. Ariko ahari ubwami bw’imana, iyo umwami yigize ibiro biteze, ubwo bwami bwararandurwa. Kandi nyene ingoma yiwe yahera nabi abazi ivya bibiliya barazi ukuntu batabagurwa n’inyamaswa, n’agashinyaguro kenshi.
👉. Kuba avuze ivyo, bisobanura ko Nkuru yavugishijwe ibigiye kuba. Erega uko yabivuze niko bigiye kuba eka none yabitanguriye kuba FNL igihe batabwa muri Ruvubu, kuko ni umugambi ugayitse yateguye, ubu akaba yawubandanirije igihe haba ukwiyamiriza ikiringo ciwe ca gatatu. Ahubwo Imana ishimweko ryamutorotse. Ahaheruka yavuzeko iwabo bari abarozi, barya abantu. N’ubu rero ashize ahabona ububisha bwiwe ubu rero akaba avyishiriye ahabona.
4. Ngo umuriro w’imana ngo ugiye gutongora ibidafise ikimazi.
👉. Gutongora, ni guturira ivyatsi aha ni ku barimyi.
Kuri we, ni ubwo bwicanyi butagira izina agiye guhonya igihema cose kiba mu Burundi.
👉. Abitwako bari muri CNDD FDD bahora bibazako bazomusubirira, nibazeruke kuko imana yaramutoranije kugira abe umwami w’Uburundi, uwuzoshaka kuvuguruza imana azibonerako, 2017 ni solution ya nyuma ku bwiwe.
Muri iryo hishurwa, Nkuru asozera avugako abantu boba ivyabona y’ivyo avuze. None ukuri kuri he mu gihe agiye gushira mu ngiro ku mugaragaro ubwo bubisha abanje kuvyemanga?
Ibihe vyiza.