Rwanda Forums Burundi Burundi Today INTWARI ZA CNDD-FDD

#28520

INTWARI ZA CNDD-FDD

I T A N G A Z O
No 001/2017 rya groupe
INTWARI ZA CNDD-FDD
ryo ku wa 14/02/2017
;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;

IMANA mushoboravyose ihabwe amashimwe n’icubahiro yo idahengeshanya gutera iteka abana bayo,na cane cane ko abo yatoranije yabahaye kuba abana b’IMANA.
Groupe INTWARI ZA CNDD-FDD irongeye gukeza Leta y’uBURUNDI na Nyenicubahiro SEBARUNDI ayirongoye,yo iguma itwereka iciza n’ikibi ikadutwara mu muco.
.
Hegereje iminsi y’ibiganiro bizohuza Leta n’abayirwanya,aho ba bandi bagize umurwi wa ba Mujeri bariko barahanahana amakuru atariyo avuga ko bazoja kuzana #TRANSITION canke #MAPROBU,aho rero hakaba hari inzira bashaka kubicishamwo.
– ibihuha bicanishamwo abenegihugu
– ubwicanyi

Groupe Isavye abenegihugu kuguma batekanye,ntibajarajare kuko na wa musi ntibajarajaye,aho igihugu cabananiye gutora wa musi ubu siho vyobakundira.

Mukurangiza,
Groupe INTWARI ZA CNDD-FDD imbenyesha ko kugira ivyo bakeneye bishoboke,bapanze kugandagura indongozi zimwe zimwe haba k’uruhande rwa mujeri,haba k’uruhande rwa Leta,kugira baronke ivyo bereka umuhuza.
Groupe yanyu ikabasaba kuguma mukizura nka kwakundi,ako mufatanye ibikoresho vyo kwonona ntimuje kunaniza umutegetsi,kora muje kukivi.

Bigiriwe i Bujumbura,
ku wa 14/02/2017
inamanshingwabikorwa ya groupe
Intwari Za CNDD-FDD.