Rwanda › Forums › Rwanda Facts › The Rwanda Big Lie › Reply To: The Rwanda Big Lie
Kuri uyu munsi uri hejuru ndamutse nkeza cane abenegihugu bashoboye gushikiriza aho bahagaze ku bibazo bigize ubuzima bw’Igihugu ivyo na vyo tukabisanga mu vyegeranyo vyatororokanijwe n’umurwi w’igihugu CNDI ujejwe kwumviriza iryo abenegihugu bagona. Turashimishwa nuko Abarundi bamaze gutera intambwe ikomeye cane mu bijanye n intwaro ibereye hamwe na demokarasi. Ntibakijana nyabahururu.
1. Barasavye ko ibwirizwashingiro ko ryohinduka iyo ni intambwe ikomeye cane kuko baribonamwo akanenge.
2. Barasavye ko arusha yo futwa canke igahinyanyurwa. Ni intambwe ikomeye cane kubona abanyagihugu mu myaka cumi iheze bashobora kubona ko Arusha ifise ibinenge.
3. Barasavye ko ibiringo vy’umukuru w igihugu ko bihagarara. Abanyagihugu bashaka gutwagwa n uwo bashaka kandi bagatwarwa ukwo bashaka.
4. Guhagarika bimwe abahoze barongoye igihugu babomorera ivyo nita vya mutimbo kandi batatowe. Ibaze namwe kubona bavyonga kandi baronse ubu senateur a vie . Nibabuzire ndabwirire. Ni hahangame Inama nkuru y abenegihugu kuko yashoboye gutuma abenegihugu baba ZYE.