Rwanda › Forums › Rwanda Facts › The Rwanda Big Lie › Reply To: The Rwanda Big Lie
NDASUBIRAMWO!
================
5. Uretse n’ivyo, uwo mugabo w’inkorabara Kagame yarahereje inyigisho za gisirikare na poritike be n’ibirwanisho Abarundi bamwe bamwe kuva mu 2005, arabandanya n’inyigisho za diplomasiya zirwanya Uburundi aho yemeza Amakungu ko Reta y’Uburundi n’Umugambwe CNDD-FDD bagiye gukora ihonyabwoko kuva mu 2014 nk’uko nawe yari yararikoze mu gihugu ciwe mu 1994 akaza kuvyegeka ku bandi. Aho hose yarondera ko Uburundi bwoharirwa ivomo ;ntibwongere guhabwa nirwere. Yari yizigiye uwo mugambi ko yawutunganije neza kuko harageze aho avuga ngo umunsi ihonyabwoko ry’abatutsi mu Burundi rizotangura, azoca yinjira kurwanya Uburundi n’Umugambwe CNDD-FDD atawe asavye uruhusha. Birababaje cane kuko nawe yaribagiye ko n’iwe umwotsi ufumba akaba adasiba guta abantu mu nzuzi, abandi nabo bakabaturirira mu mabohero ngo habaye impanuka canke amasanganya y’umuriro kumbe ari umugambi ugayitse wo guhonya abantu. Ntivyumvikana rero ko umuntu nk’uwo ariwe yogira ico ahanura canke yigisha abandi mu gihe hari n’izindi mpfu mu Burundi zimwagira, tutibagiye na zimwe zo muri Kaminuza y’Uburundi zaba ku magenekerezo ya 11-12 Ruheshi 1995 ;
.
6. Ikibi ntigishobora gutsinda ineza. Ntaho vyakabaye ! N’umurozi yaroze akamara abantu iyo agiye gupfa arasaba ikigongwe Imana nayo ngo imushikane mw’ijuru. Ikinyoma kiranyaruka kuko gica mu nzira ya hafi ( inzira inyaruka cane bita ascenseur mu gifaransa) ariko ukuri kukagenda bukebuke kuko guca mu nzira y’ingazi isanzwe itanyaruka cane, ariko igihe cose ukuri gushitse, ico kinyoma gica comoka. Ayo mashirahamwe yitwa ngo aharanira agateka ka zina muntu, ico gihugu kibanyi c’Urwanda na Louis Michel be n’umuhungu wiwe Charles Michel, Bernard Maingain n’abandi bafatanije na ba Petero Buyoya, ba Margarita Barankitse, ba Pacifique Nininahazwe, Ba Vital Nshimirimana, ba Petero Karaveri Mbonimpa, ba Armel Niyongere n’abandi birigwa birukanga mu Makungu babeshera Uburundi n’Abarundi ngo bagiye gukora ihonyabwoko, bitebe bitebuke ukuri kuri inyuma yabo. Bazokorwa n’isoni igihe abo birigwa babesha bazomenya ko iryo honyabwoko ari nabo barikoze kandi bamwe bamwe mu migambi, abandi mu bikorwa nyezina. Ntituzi ko Imana ishobora kubababarira mu gihe bo nyene batazoba basavye ikigongwe abo babigiriye nakare ngo « ikiboshwe mw’isi no mw’ijuru kiraboshwe », nk’uko ijambo ry’Imana ribivuga.