Rwanda Forums Rwanda Facts The Rwanda Big Lie Reply To: The Rwanda Big Lie

#27808

ITA NGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD N° 013/2016 RYO KU WA 26 MUKAKARO 2016
Mu gihe inkorabara zashatse guhekura Igihugu zibandanya ubukozi bw’ikibi, Papa François n’abandi banyecubahiro mw’Isi barakeza Reta y’Uburundi n’Abarundi.

1. Duhereye ku mashirahamwe yitwa ko yubahiriza ikiremwa muntu nka za Human Rights Watch, za FIDH, League Iteka, Amnesty International n’ayandi…gushika ku muyobozi Mukuru wabo Zeid Ra’ad Al Hussein, biraboneka ko intumbero bafise kandi bagaragaje kuva mu mwaka w’2014 ari iyo kwifatanya n’abashatse gutembagaza inzego zitorewe n’abenegihugu. Aho izo nkorabara zidashoboye gushika, ayo mashirahamwe arahazibera kuko n’ubundi barasangiye umugambi. Ariko, n’ubwo biri uko hariho Abanyecubahiro kw’Isi bashima aho Reta y’Uburundi igejeje ibikorwa mu kugarukana amahoro n’umutekano, mu gutsimbataza demokarasi no mu kurondera ineza y’Abenegihugu biciye mu biganiro bitandukanye ;

2. Igihe Uburundi bwariko burahimbaza ibirori vy’imyaka 54 bumaze bwikukiye, ntibwatamvye bwirorera, bukaba bukenguruka abo Banyecubahiro bose n’abenegihugu babo babufashe mu mugongo kuri uwo munsi udasanzwe. Budakeye na kabiri, Ibihugu vy’ibihangange nka Amerika, Uburusiya, Ubushinwa, Ubuhindi, Ubuswisi, n’ibindi nabo nyene barashimye bashimagiza uwo munsi wo kwibuka ukwikukira ku ncuro ya 54, kandi bagasaba ko Uburundi bwobandanya butera imbere nk’umuzinga ;

3. Nyenubweranda Papa François arongoye Ekereziya Gatorika kw’Isi yose nawe nyene ntiyatanzwe aho yashimiye Uburundi kuri uwo munsi mukuru, akanabwipfuriza imigisha y’Imana mu gutera imbere mu nzira nziza Reta irimwo n’indongonzi zayo, akaba yaripfurije Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza kubandanya ugutsimbataza amahoro, uguteza imbere igihugu no kunywanisha Abarundi ku neza ya bose… Umugambwe CNDD-FDD urakenguruka ayo majambo yerekanye neza ko ata ngorane zihari hagati ya Ekereziya Gatorika na Reta y’Uburundi. Nyenubweranda Papa François yarakebuye rero zimwe zimwe mu ntama ziwe zama zirondera kwivanga mu buzima bw’Umugambwe CNDD-FDD bikaziviramwo kuvuga ayo zitovuze be no mu gufata ingingo zitofashwe ;

4. Kuva kw’igenekerezo rya 10 gushika ku rya 18 Mukakaro 2016 harabaye mu gihugu c’Urwanda inama y’Ibihugu vy’Ubumwe bwa Afrika yarangije ibikorwa vyayo, Abakuru b’Ibihugu bari bitavye iyo nama bafashe ingingo zitari nke harimwo n’iyerekeye Uburundi hisunzwe ivyari vyavuye mu nama ya kabiri y’i Arusha yahuza Abarundi ku magenekerezo ya 12-14 Mukakaro 2016. N’aho Umukuru w’Igihugu c’Urwanda cari cakiriye iyo nama yari yipfuje guteza ingabo mvamakungu Igihugu c’Uburundi kugira ngo zimukorere we ivyamunaniye, kugira abonereho kuzihekako, nticabujije ko Banyenicubahiro batandukanye basanzwe bakunda Uburundi bamirira kure ico cipfuzo, bakaba bashize imbere ukwubahiriza Ubwigenge bw’Uburundi , mbere bakanamenyesha ko ibibazo bihari vyotorerwa umuti n’Abarundi ubwabo kanatsinda barazi ko ibihugu vyose bifise ingorane zavyo. Umugambwe CNDD-FDD ukaba ukengurutse iyo ngingo yafashwe ariko ukaba utokwibagira kwibutsa ko uwo mugabo Paul Kagame afitiye ideni rinini Abenegihugu b’Uburundi n’igihugu cabo ku mpamvu z’uko afise uruhara runini mu mabi yose yagiye araba mu Burundi mu bihe bitandukanye gushika n’aho Umugambwe FPR-Inkotanyi arongoye ugandagura Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Ntaryamira Cyprien be n’Abashikiranganji babiri aribo Simbizi Cyriaque na Ciza Bernard ;

5. Uretse n’ivyo, uwo mugabo w’inkorabara Kagame yarahereje inyigisho za gisirikare na poritike be n’ibirwanisho Abarundi bamwe bamwe kuva mu 2005, arabandanya n’inyigisho za diplomasiya zirwanya Uburundi aho yemeza Amakungu ko Reta y’Uburundi n’Umugambwe CNDD-FDD bagiye gukora ihonyabwoko kuva mu 2014 nk’uko nawe yari yararikoze mu gihugu ciwe mu 1994 akaza kuvyegeka ku bandi. Aho hose yarondera ko Uburundi bwoharirwa ivomo ;ntibwongere guhabwa nirwere. Yari yizigiye uwo mugambi ko yawutunganije neza kuko harageze aho avuga ngo umunsi ihonyabwoko ry’abatutsi mu Burundi rizotangura, azoca yinjira kurwanya Uburundi n’Umugambwe CNDD-FDD atawe asavye uruhusha. Birababaje cane kuko nawe yaribagiye ko n’iwe umwotsi ufumba akaba adasiba guta abantu mu nzuzi, abandi nabo bakabaturirira mu mabohero ngo habaye impanuka canke amasanganya y’umuriro kumbe ari umugambi ugayitse wo guhonya abantu. Ntivyumvikana rero ko umuntu nk’uwo ariwe yogira ico ahanura canke yigisha abandi mu gihe hari n’izindi mpfu mu Burundi zimwagira, tutibagiye na zimwe zo muri Kaminuza y’Uburundi zaba ku magenekerezo ya 11-12 Ruheshi 1995 ;

6. Ikibi ntigishobora gutsinda ineza. Ntaho vyakabaye ! N’umurozi yaroze akamara abantu iyo agiye gupfa arasaba ikigongwe Imana nayo ngo imushikane mw’ijuru. Ikinyoma kiranyaruka kuko gica mu nzira ya hafi ( inzira inyaruka cane bita ascenseur mu gifaransa) ariko ukuri kukagenda bukebuke kuko guca mu nzira y’ingazi isanzwe itanyaruka cane, ariko igihe cose ukuri gushitse, ico kinyoma gica comoka. Ayo mashirahamwe yitwa ngo aharanira agateka ka zina muntu, ico gihugu kibanyi c’Urwanda na Louis Michel be n’umuhungu wiwe Charles Michel, Bernard Maingain n’abandi bafatanije na ba Petero Buyoya, ba Margarita Barankitse, ba Pacifique Nininahazwe, Ba Vital Nshimirimana, ba Petero Karaveri Mbonimpa, ba Armel Niyongere n’abandi birigwa birukanga mu Makungu babeshera Uburundi n’Abarundi ngo bagiye gukora ihonyabwoko, bitebe bitebuke ukuri kuri inyuma yabo. Bazokorwa n’isoni igihe abo birigwa babesha bazomenya ko iryo honyabwoko ari nabo barikoze kandi bamwe bamwe mu migambi, abandi mu bikorwa nyezina. Ntituzi ko Imana ishobora kubababarira mu gihe bo nyene batazoba basavye ikigongwe abo babigiriye nakare ngo « ikiboshwe mw’isi no mw’ijuru kiraboshwe », nk’uko ijambo ry’Imana ribivuga ;

7. Umugambwe CNDD-FDD urangije usaba ko Reta yofatira imigambi irashe ayo mashirahamwe yose ata kindi akora uretse kwambika ibara Umugambwe na Reta yawo. Vyari bizwi ko Amashirahamwe nk’ayo adashobora kuronderera inabi Igihugu kanaka gushika n’aho afatanya n’abategura ihonyabwoko. Iyo miryango ikora uko ni iya poritike, ikora ico abanyeporitike bashaka hisunzwe ubutegetsi ubu n’ubu kw’Isi bashatse gutembagaza. Uturorero waja wumva ng ngaho Sadam Hussein wo muri Irak ngo afise ibirwanisho ruhonyanganda ngo nibamwirukeko, ngo ngaho Muammar Khadaffi wo muri Libiya ngo aramaze abantu nibamwice, ngo ngaho Bashar El-Assad ngo ararigise Abenegihugu bo muri Siriya ni bamwirukeko, ngo ngaho Omar El- Bashir muri Sudan arahoneje abantu i Darfour ngo nibamufate bamujane mu munyororo i Lahaye, ngo ngaho muri Kenya abantu barahonye, ngo ngaho muri Repuburika iharanira Demokarasi ya Kongo abantu barahonye, n’ahandi n’ahandi. Bashitse mu Burundi ngo ihonyabwoko riri ku muryango ! Mugabo bashitse mu Rwanda ngo ni mubice, nawe uwatunganije agashira mungiro ihonyabwoko agakezwa no gushimirwa agashimirwa ! Ayo mashirahamwe yofutwa kw’Isi kuko ni ibikoresho vy’abagendera igikenye kw’Isi, badashaka y’uko ibindi bihugu cane cane ivyo muri Afrika bivyura umutwe haba mu butunzi canke muri demokarasi. Ico ni co Umugambwe CNDD-FDD na Reta yawo biriko birazira mu Burundi, kuko birajwe ishinga no guteza imbere Igihugu n’Abanyagihugu na cane cane mu gutsimbataza demokarasi be no kunywanisha Abarundi,vya Bihugu bimwe bimwe vy’Ubumwe bwa Afrika eka no kw’Isi yose bikaba biriko biratahura imvo n’imvano z’ayo mazimwe.
Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 26 Mukakaro 2016
Umushingamateka Pascal NYABENDA

Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD.