Rwanda › Forums › Rwanda Facts › The Rwanda Big Lie › Reply To: The Rwanda Big Lie
Imice yatumiwe mubiganiro ya menyekanye, Ibiganiro bihuza Abarundi bitegekanijwe i Arusha kuva kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 12/7/2016 gushika kw’igenekerezo rya 14/7/2016. Reta y’Uburundi imenyesha ko yaronse ubutumire, kandi ko izokwitaba ivyo biganiro, ariko ikavuga ko itarota yicarana n’abafise ivyo bagirizwa, na cane cane abahurikiye mu runani CNARED rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi. Reta ivuga ko izoyicarana nabari muri CNARED ariko badafise ivyo bagirizwa, kandi bafise imigambwe barongoye yemewe n’amategeko, aribo bonyene bazokwicarana na Reta y’Uburundi.”Uwusotegw a ni Dr Jean MINANI asanzwe arongoye Cnared nawe yatswe umugambwe Frodebu Nyakuri ugahabwa uwundi”Hatumiwe imice myinshi kandi nkayose ariko Urunani Cnared rukaba rutatumiwe hamwe nimigwi yafashe ibigwanisho ikaba itatumiw. Mwomenya ko umuhuza aheruka kubonana nabagize Urunani Cnared ariko ivyavuyemwo bikaba vyagizw ibanga.Bandanya usoma Amakuru yandikwa n’IJISHO RYAWE HAFI YAWE.Hasabwa J’aime Gusa Kugira uyaronke