Rwanda Forums Rwanda Facts The Rwanda Big Lie Reply To: The Rwanda Big Lie

#27654

mwaramutse neza bavukanyi.
Dusome Actes16.25: havga ngo

“Maze nko mu gicugu Paulo na Sila bariko barasenga baririmbira Imana,izindi mbohe zibumva.”

Paulo na Sila baranyigisha cane,kuko bari bafise umutima wizigira Imana ku buryo atacashobora kubabuza guyihimbaza.Dusomye16.16-25, hari umugore yabohotse idayimoni yasengewe na Paulo,ba shebuja baca bagirira ishari ba Paulo kuko iyo dayimoni yarabinjiriza amahera menshi,aca ababeshera ko batera imigumuko.Baca barabafata barabakubita,baranabafunga.Bafunzwe nyene niho bahimbaje Imana maze ibitangaza birakoresha..

Vy’ukuri,haraho bitugora guhimbaza kubera ivyo tuba turiko tubamwo bibabaza,rimwe na rimwe tukayidogera,tuyibaza ibibazo ngo kuki wampevye,kuki jewe,ukumva udendebukiwe nkaho woheba igikorwa Imana yaguhaye..ba Paulo barashishikaye gushingira intahe Kristu.
Kudendebukirwa biva ku kutizigira Imana.Imibabaro ntikwiye gutuma tureka guhimbaza canke gukorera Imana,kuko uwizigiye Imana,uko bimeze kose aguma yumva akikujwe n’urukundo rwayo.
Imana idufashe dugire umutima ushaka guhimbaza no gukurikira Imana ibihe vyose,amen. mugire wknd nziza; …
Twarahezagiwe!