Rwanda Forums Burundi Burundi Today Reply To: Burundi Today

#27623

NTAKABURA IMVO,UGUSHARIKANA KU BAHOZE CANKE BAKIRI MU RUNANI CNARED,KWADINDIJE URUGAMBA!
Ivuka ryarwo,ryabaye ivuka rishasha ry’icizere mu mitima y’abarundi,bariko barabura ababo n’abariko baramoterwa n’ukwakwa ubuzima,eka n’abariko bapfana untunduguru n’udusambi baja kwaka indaro i bubanyi,n’ubu bakiriko,bose bavugira rimwe bati:”URAKAZA #CNARED_GIRITEKA ,UDUSUBIZE ITEKA MU BWACU,BWATWIBARUTSE,DUKIRE UGUHUNDAGARA,GUHIRWA N’UGUHAMBWA IKIVUNGA!”

Uwo mwizero wamaze umwanya urume rumara,kuko hatanguye gufumba akotsi ku kirimba ca CNARED,vyerekana ko zariko zirasha,#Nkurunziza nawe yongeza ubukerebutsi mu kwirenza n’abari bibwira ko bacitse kw’icumu,amaze kubona ko batagira kiraba na gitabara!

Uwo mwotsi wo muri CNARED wasiguwe kwinshi,umwe wese agatunga agatoke uwundi,ko ariwe kibiriti,nkomoko y’umuriro wahavuye waka mu nyuma,kugeza aho habaye isambuka(kwiyonjorora kwa bamwe bamwe),gushika ubu atawuzi ko yohita umusaka(inzu yatawe na banyeneyo),canke ikigega(inzu itarahera iyubakwa,irindiriye kuzokwinjirwa iheze),ariko icizere abarundi bari bayihundagaje,kikaba caheze kiyonga,ubu bari muri MANA MPA!

Wa wundi ati:”NTAKABURA IMVO!”
Inyenda muvano ya ndyogo y’uguhungabana kw’urunani CNARED,yabaye integuro bamwe biha ntibayihurizeko n’abandi!

Nk’uko twabiyagiwe n’inararibonye mu bigeze gushingwa amabanga akomeye muri kino gihugu c#Uburundi,atashimye ko tumuvuga izina,ariko afise amabanga akomeye muri CNARED,
Yatumenyesheje ko hari imirwi 2,itabona kumwe ibintu:

1°Uwa mbere,wari umurwi wipfuza ko mu maguru masha,hagiheza gushingwa CNARED,hari guca hashingwa reta #MFATAKIBANZA,ikorera mu buhungiro,ikubakwa hisunzwe uko urwo runani rwari rwubatse,maze bagaca bakoresha uburyo(budget) amakungu yarahejeje kwima reta ya Nkurunziza,maze hakaba uguhangana kwa reta zibiri,kuko hari icizere ko iyidakurikije amategeko(Iya Nkurunziza) iri mu gihugu,yari guheba ikaremerwa,ikisambura,maze ino yo mu buhungiro ikabutaha(Uburundi),
Ariho bamwe bamaze kwumva ico ciyumviro batanguye kumera amababa n’amoya,bipfuza kuja mu bibanza vy’imbere,kugira ayo magaburanyama,azobahereko,bihava bivamwo n’ugukumirana,habanje gukurana mu mabanga n’ibiringo vya bamwe bidaheze,
Haba hatanguye kugaragara ba #NIJIMBERE ,bipfuza inzira za hafi,bafise indoto yo gutsinda urugamba batarwanye,bishoboka ko bari n’abanyabwoba,

2°Umurwi wa kabiri,warugizwe n’abaterekwa ayo MAGABURANYAMA,kuko muribo,hari abafise amaso n’amatwi mu ruhande rwa Nkurunziza,bari bafise amakuru ko ahubwo batamurwanyije bimwe bikomeye ashobora kwiha inkumbi amaze kurahirira ikiringo ca 3,arivyo vyabaye,bikiriko n’uwu musi!
Bano babona kure,baratanze impamvu badashobora kwemera reta mfatakibanza yo mu buhungiro,kuko barabona neza ko niyo yaramuka ishinzwe,abahawe ibibanza (umukuru w’igihugu,ivyegera,abashikirangannji,abashingamateka n’abakenguzamateka)ata n’umwe yari gusubira kwibuka abarundi bagorewe ay’ikivumvu mu Burundi no mu buhungiro, bamaze gukoza imishahara mu minwe,kuko bari babonye imforo ya bamwe n’abandi,

Ahubwo bobo bakaba bipfuza ko ubwo buryo bwari kuja gufasha mw’itunganywa ry’urugamba,urugamba rwo kubohora igihugu,maze ayo magaburanyama akaba abarundi bose bavuye mu gahinga,nikwaba ari ukunyinyurana bibere muhira,igihugu ari nyabagendwa!
Uwu murwi ukaba wasaba ko uburyo bwo saguka,bwari kuja gusahiriza ku buriko bukoreshwa n’amashirahamwe mpuzamakungu yitaho impunzi n’imbabare,kuko uno murwi wari uzi neza ko ivyo bizoshika,mu gihe urugamba rwari kuba ruri mu nteguro!

Ivuka ry’umuhari FOREBU,wiyemeje kwomora Nkurunziza n’amasiha bacuditse mu kuzingamika igihugu,n’ukunywa amaraso abarundi,ryabaye nk’icumu mu rubavu rw’abiyitirira kuba SAMURARWA ba CNARED,aho baciye babona ko indoto yabo yo kuja mu nzego za reta yo mu buhungiro inigiwe mu meshi!

Abiyonjoroye kubwo itunganywa ribi ry’urunani CNARED,batangura kwongereza inguvu,ubuhinga n’ubushobozi bwabo mu nzira y’urugamba rwo kwomora Nkurunziza n”akarwi kiwe ,bafata inzira yo gutanguza umuhari FOREBU ,

Aha twovuga uwugururiye abandi,umuryango wo gusokora muri CNARED,umukuru w’umugalbwe CNDD_FDD yiyemeje kwubahiriza amategeko,akaba n’inararibonye mu vy’urugamba HUSSEIN_RADJABU,we n’abo barikumwe bashikanye ku butegetsi umugambwe CNDD FDD n’ubwo waciye warikwamwo n’ibimwenyi,ariko abenshi mu bamuzi ku rugamba ,bakavuga ko iyo yihaye intumbero ku rugamba ashirwa ayigezeko,kwaba ari uguca mu kirere canke mu kuzimu!

Akaba (HUSSEIN RADJABU)yafashe n’iya mbere mu banyepiritike,mu kwemanga imbere y’abarundi n’amakungu ko afatanye ibiganza vyompi n’ABARUNDI bo mu bwoko bwose,Imisore n’Inkumi ,Abaporisi n’Abasirikare eka n’abasubijwe mu buzima busanzwe (abademobirize ) bagize umuhari FOREBU,ahava ahamagarira n’abandi gutinyuka ,bakiyerekana mu nzira y’urugamba!

Bamwe mu bagize urunani CNARED ngo bavyumve,baca bihereza ibisaka n’amashamba,basigura ububi bwa HUSSEIN RADJABU,kugira bamucafuze bagamije ugucafuza umuhari FOREBU,kugira barabe ko ya ndoto yabo ya ya reta yo mu buhungiro yoteba iba ukuri,ariko bikaba vyarabataye kuwa mazi,ahubwo batangura n’uguhinyuka!

Ntibagarukiye aho,bamaze kubona ko urugamba arirwo abarundi batanguye guhurumbira,ari nayo nzira yonyene isigaye izotahukana Abarundi batujijwe ,bagakurwa mu zabo, bitije izina rya FOREBU,batangura n’ukurondera uwo bayegekako, yokwizerwa n’abarundi,bahitamwo #GNL_NIYOMBARE_GODEFROID, n’ubwo atabibemereye,bapfa kwitwaza izina ryiwe,baja gusahura uburyo(amafaranga) abarundi,cane cane abari hanze,bagashira ku w’inyuma,kugira ejo bize bitukwe FOREBU,maze RADJABU n’abo barikumwe ku rugamba,imigambi yo gutabara abarundi ibapfane,babe bamwihoye kuba yarabatanye imigambi yabo muri CNARED!

Abo barongoye CNARED bakabigira nkana,kandi ababanye,bakanagendana na Nkurunziza,bakaba bazi n’ivyo ategura kuko bamukurikiranira hafi,bari bababuriye ko naho hoca imyaka 1000,Nkurunziza atazigera yitaba ibiganiro,ko ururimi yumva ari narwo ariko arakoresha ,ari UMUHETO,ariko abo bagize CNARED bagwa bagaramye ko bataja ku rugamba,bamwe ngo aho bakarwaniye ni kera bararushe,abandi ngo nta magara yo gushora ku risongoye,abandi ngo harwana abafise ivyo bapfa,na bamwe mu bari barutanguje, baruharurira imisi rwahavuye rubananira, barucira hagati,
Nayo bamwe mu rwaruka rwari rwabakurikiye akaba aribo baguye mu mporero, banyene kubaha imbere bibereye mu bihugu vya Buraya !

Izo mvugo zose,zikaba zerekana neza ko
NI BUTABA ARI UBUGABA BWO GUSHAKA AMARONKO BATARUHIYE,NI UBWOBA BWO KUJA KURWANIRA IGIHUGU,HAGAMIJWE KUGISUBIZA UMUTAMANA KIBANJE GUKURWA MU MINWE Y’IBIMWENYI,

ARIKO UKO BIRI KWOSE ,IVYO NIVYO BIDINDIJE URUGAMBA,BIGASHOBOKA KO UKO BAMWE BARUZIBUKIRA,VYONGERA AMAHIRWE NKURUNZIZA YO KUMARA IKIRINGO CIWE CA 3,AGASHOBORA N’UKWIYONGERA N’IKINDI,
BAGATINYI NA BABWOBA BAKIRIKO BARATURATURA MU GAHINGA,
EJO AMAKUNGU AGAHAVA AKABARAMBIRWA,
AKABAHINDAGIEA BATAHA,
MU GIHE BANSE GUFATA INZIRA IRASHE Y’URUGAMBA!

IKIBARIRWA NI ICUMVA,ICEREKWA NI IKIBONA!

Ukaba ushimishwa n’amakuru tugushikiriza,fyonda kuri j_aime na #Partager,uyasabikanye n’abandi!