Rwanda › Forums › Burundi › Burundi Today › Reply To: Burundi Today
CNARED ku butumwa yacisishije ku muhora wa facebook ivuga ko itazokwemera ko hashingwa Leta y-ubumwe-gouvernement d-union nationale.urwo runani ruvuga ko rwumvise amakuru ava mu bunyamabanga bw-umuhuza ko umuhuza agiye gushikiriza mu nama y-abakuru b-ibihugu vy-umuryango wa EAC inzira zingene Uburundi bwova mu ndyane za politike burimwo,hakaba harimwo ko hoshingwa Leta y-ubumwe.urunani CNARED ruvuga ko rwamye rusemerera ko ata yindi nzira ihari atari uko hashingwa Leta mfatakibaza itegura amatora,ivyo navyo bikazova mu biganiro bihurikiyemwo bose birimwo Leta ya Petero Nkurunziza n-abamushigikiye,urunani CNARED,amashirahamwe yiyamirije ikiringo ca 3 hamwe n-imigwi yafashe ibigwanisho.