Rwanda › Forums › Burundi › Burundi Today › Reply To: Burundi Today
Ivyo tubikura mu rwandiko Pascal Nyabenda yasohoye kw’izina ry’umugambwe CNDD-FDD yararongoye, itangazo yateyeko igikumu ku wa 31/08/2016 aho arahira akarengwako atigeze ahakana ihonyabwoko ryabaye mu RWANDA muri 1994, ko ahubwo ngo abumvise ivyo yashikirije, ngo bamutahuye ukutariko. Muri iryo tangazo nyene, Pascal Nyabenda ariregurako ivyo yavuze ico gihe yarakirongoye CNDD FDD bitomuharurwako, ko vyorwa ku gatwe k’uyo mugambwe ngo n’aho ariwe yabiteyeko igikumu. Umuhinga mu vy’amajambo ati uko ni ugusha coba mu kurondera kwiyeza. Uyo muhinga ati imvugo ya Pascal Nyabenda yerekanako uyo mugabo asigaye arongoye Inama Nshingamateka ubu, ariko yihakana umugambwe wamureze, ku bw’amabi ariko akorwa na CNDD FDD ubonako vya vyaha 5 bihanwa na ya Sentare Mpanavyaha Mpuzamakungu bikorerwa kiremwa muntu: jenoside, ubwicanyi bw’agahomerabunwa, ivyaha vyo mu ntambara, uguhungabanya amahoro, n’intwaro karyanishamiryango arivyo vyaranze CNDD FDD. Mu gusozera uyo muhinyanyuzi mu vy’amajambo agasaba Sentare Mpanavyaha Mpuzamakungu kunyarutsa gushira ahabona ivyavuye muri ya matohoza yibanze yakozwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD ubonako na Pascal Nyabenda atanguye kwitakambirako amabi yakozwe n’umugambwe arimwo atoyaharurwako aho vyumvikanako yobazwa CNDD FDD ukamengo ico gihe hariho itandukaniro hagati yawe n’uyo mugambwe. Mbega Gélase Daniel Ndabirabe arihe ko yigeze kuvugako abihakana CNDD FDD nka kera ngo bakiri mw’ishamba, impera y’abantu nk’abo ngo baca bicwa?