Rwanda Forums Rwanda Facts The Rwanda Big Lie LETA YA NKURUNZIZA IRONDERERA AMATA MU BIHORI KUBERA KUBURA AMAHERA

#27926

LETA YA NKURUNZIZA IRONDERERA AMATA MU BIHORI KUBERA KUBURA AMAHERA

Itegeko rihana abambara impuzu ngufi (mini) no guhana abaharika, ukugura amakaye y’ingo, ukuduza ibiciro vy’ibifungurwa, ugukata idolare 500 kuri buri musoda n’umupolisi buri kwezi ku bagiye kugarukana amaahoro muri Somaliya, Centre Afrique n’ahandi, N’AHO IWACU ABO BIBANANIRA, ubwo ni bumwe mu buryo leta ya Nkurunziza yatoye yo kuronka amahera yokoresha ku mwaka (budget national) kuko iri mu marike ubonako amahera y’agaciro yazanana mu nzira 3 zizwi n’amategeko: IMFASHANYO, AMAHERA ARUNGIKWA N’ABARUNDI BARI HANZE, HAMWE N’AYAVA MU BISHORWA HANZE. None ko amakungu ashobora gufuta uburundi ntibusubire mu bikorwa vyo kugarukana amahoro hanze, abarundi bagiye kubaho gute?