Rwanda Forums Rwanda Facts The Rwanda Big Lie GRATIEN RUKINDIKIZA ATI UGUTANGA AMAKURU KENSHI VYICA AMAKURU

#27945

GRATIEN RUKINDIKIZA ATI UGUTANGA AMAKURU KENSHI VYICA AMAKURU

Mu rwandiko Gratien Rukundikiza aheruka kwandikira indongozi z’umuhari FOREBU, yarashikirije ibitari bike ku nguvu canke intenge nke z’umuhari FOREBU, aho yamenyesheje atariye umunwa ko umuhari FOREBU ngo utanga amakuru kenshi, ivyo yise “TROP DE COMMUNICATIONS TUE LA COMMUNICATION” ngerageje gusigura ni ugutanga amakuru kenshi vyonona amakuru canke vyica amakuru ndugaye twa mugina. Sinzi ico we afatirako. Ariko umuntu agerageje guharura, umuhari FOREBU umaze, kuva ushingwa, gusohora, amatangazo ane (4) atarenga ntarenguke.
1. Umuhari FOREBU wasohoye itangazo
umenyeshako ushinzwe.
2. Itangazo rya kabiri (2) Umuhari FOREBU wariko umenyesha ibijanye n’inzego zawo.
3. Itangazo rya gatatu, umuhari FOREBU wavuga ibijanye n’amajambo yashikirijwe na bamwe mu banyapolitike aho bashikirizako ngo “umuhuza yoraba neza kuko ngo mu gihe Petero Nkurunziza atokwitaba ibiganiro, ngo yohava aha ukuri imihari yafashe ibirwanisho harimwo na cane cane FOREBU”. Aha mwomenyako FOREBU ata mugambwe yahaye uburenganzira bw’uko wowuserukira, kuko wikwije mu nzego.
4. Itangazo rya (4), umuhari FOREBU warisohoye umunyesha ivyo umaze gukora aho wasubiye kumenyesha abarundi n’amakungu ko urongowe na Gnl Mjr Godefroid Niyombare inyuma y’abariko bawiyitirira. Gratien Rukindikiza menya umenyeshe abandi ko Umuhari FOREBU ari ayo matangazo ane (4) ari ku rubuga. Abandi mwomufasha guharura ivyo yoba yita “TROP”. Aha ntitwovuga amatangazo yasohowe n’abandi; nizerako nawe umuntu agira gatatu wahaye amahirwe n’aho wanse kumuvuga ko atazoza yiyitirira uburongozi bw’umuhari FOREBU kuko wugaye.