Rwanda › Forums › Rwanda Facts › The Rwanda Big Lie › Reply To: The Rwanda Big Lie
uyu musi wambere ni ho abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye barenga gato ibihumbi 43 batangura gukora ikibazo ca Leta kibaha uburenganzira bwo kwinjira mu zakaminuza.ico kibazo kizomara imisi 4 kikaba kiriko gikoregwa mu bibanza birenga amajana 6 na kimwe kiri i Nairobi cuguruwe n-umushikiranganji ajejwe inyigisho Janvière Ndirahisha kuri lycée du lac Tanganyika.Mu vyo uwo mushikiranganji yamenyesheje nuko ico kibazo gitandukanye n-ibindi vyari bimaze gukorwa kuko Leta izofata gusa amanota umunyeshure yarose mw-ico kibazo mu gihe kare bahora bafata amanota y-umunyeshure yarose mw-ishure bagashira hamwe n-ayo mw-ico kibazo.ikindi yamenyesheje nuko kandi Leta iriko iriga gukuraho ivyo kwongera amanuta-coptation.