Rwanda Forums Rwanda Facts The Rwanda Big Lie Reply To: The Rwanda Big Lie

#27921

uyu musi wambere ni ho abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye barenga gato ibihumbi 43 batangura gukora ikibazo ca Leta kibaha uburenganzira bwo kwinjira mu zakaminuza.ico kibazo kizomara imisi 4 kikaba kiriko gikoregwa mu bibanza birenga amajana 6 na kimwe kiri i Nairobi cuguruwe n-umushikiranganji ajejwe inyigisho Janvière Ndirahisha kuri lycée du lac Tanganyika.Mu vyo uwo mushikiranganji yamenyesheje nuko ico kibazo gitandukanye n-ibindi vyari bimaze gukorwa kuko Leta izofata gusa amanota umunyeshure yarose mw-ico kibazo mu gihe kare bahora bafata amanota y-umunyeshure yarose mw-ishure bagashira hamwe n-ayo mw-ico kibazo.ikindi yamenyesheje nuko kandi Leta iriko iriga gukuraho ivyo kwongera amanuta-coptation.