Rwanda Forums Rwanda Facts The Rwanda Big Lie Reply To: The Rwanda Big Lie

#27920

Umushikirizamanza kizigenza wa Repubilika Valentin Bagorikunda aherutse kwandikira umukuru w-ugwego gw-abashingwamanza amusaba gukura ku rutonde rw-abashingwamanza b-i Burundi Armel Niyongere, Vital Nshimirimana, Dieudonné Bashirahishize hamwe na Lambert Nigarura kuko bakwirikiranwa n-ubutungane.abo bashingwamanza bagirizwa kugira uruhara mw-itembagazwa ryaburijwemwo ry-ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza,bamwe muri bo bakaba baronderwa n-imitahe mpuzamakungu.Bamwe mu bashingwamanza bavuga ko abo bagenzi babo boba bariko bazira ko ari bo bashikiriza ivyegeranyo bikorerwako na sentare mpuzamakungu CPI hamwe n-ishirahamwe mpuzamakungu ONU.