Rwanda Forums Rwanda Facts The Rwanda Big Lie Reply To: The Rwanda Big Lie

#27919

Ku Musi w-ejo wa Mungu umugwi w-abamenyeshamakuru b-ikinyamakuru IWACU waratoye ikiziga kireremba cagomewe n-amabuye ku ruzi Mubarazi,hagati y-imisozi ya Burambana, Nyabisiga Na Ruyenzi ya komine n-intara ya Muramvya.Ico kiziga catowe coba ari ic-umumenyeshamakuru Jean Bigirimana yakorera IWACU cari kimaze kubora.ku musi wagatandatu wa hirya y-ejo,uwo mugwi w-abamenyeshamakuru ba IWACU wari wagize isekeza ryo kurondera ikiziga ca Jean ku ruzi mubarazi Bigirimana uri kumwe n-umugwi userukira CNDIH,umushikirizamanza Kizigenza wa Muramvya,abakozi b-igendereza hamwe n-igipolisi ariko bakaba batari batoye ico kiziga. ingene iryo rondera ryagenze.