Rwanda › Forums › Rwanda Facts › The Rwanda Big Lie › Reply To: The Rwanda Big Lie
TANGAZO
No 026/2016 rya Groupe
INTWARI ZA CNDD-FDD
ryo ku wa 28/07/2016
_____________________
IMANA Mushoboravyose, Nteturuye, n’ihabwe icubahiro, yo ishira ahabona ibinyegejwe.
Groupe INTWARI ZA CNDD-FDD iramenyesheje abarundi n’amakungu ko ya ngendo y’abansi ba
DEMOKARASI, abansi B’igihugu, ko yagarutse.
.
Groupe INTWARI ZA CNDD-FDD iriyamirije cane irementanya ririko rikwiragizwa ryerekana amafoto y’ibiziga, aho bene kuyakwiragiza bavuga ko ivyo biziga vyatowe mu mabarabara n’ ahandi.
Groupe INTWARI ZA CNDD-FDD imenyesheje ko uwubona izo foto wese ko yozitera Ivyatsi kuko ari ibiyoma, ivyo biziga navyo bikaba arivyo muri SAHARA, ariko bakagomba kubandanya bacafuza igihugu cacu.
Groupe INTWARI ZA CNDD-FDD irongeye gukebura Leta y’Uburundi ko itohirahira ngo yemere umusirikare canke umu police n’umwe # mvamakungu ahonyoza ikirenge mu gihugu cacu afise mission yo guhagarikira amahoro Nk’uko biriko bisabwa n’abansi b’Uburundi ngo Leta yemere bakeya kuko harimwo umutego udasanzwe, naho yoba umwe niwe azoca ahamagara abandi maze intumbero yabo yo guta igihugu mu manga bayishikeko kuko bo batarambirwa. # TURASUBIRAMWO .
ingingo ya Leta igume ari irya nyene, abakunzi nabo bazizana, nta rukiza igihugu c’UBURUNDI kizeye ku Rwanda, Belgique canke ubufaransa, kuko kwemera abo bakeya bisa no kugurisha abenegihugu ku macuniro.
Mu gutera heza, Groupe INTWARI ZA CNDD-FDD ibandanya gushimira INTWARI zibandanya zitanga
kugira zirokore ubuzima bw’abarundi benshi cane buriko bugomba kugeramirwa n’akarwi k’intagondwa zamenyereye kunwa amaraso y’abeneburundi babicishije kubakoroni. Irasaba kandi kuguma barikanuye kuko umwansi ni wa wundi kandi ntiyicaye.
Ni hahangame intwari n’abakunzi bazo, Ni harambe # Sans_Erreur we ashira imbere ineza y’abeneburundi, Ni harambe indege yacu.
Bigiriwe i Bujumbura
Ku wa 28/07/2016
Urwego Nshingwabikorwa rwa Groupe INTWARI ZA CNDD-FDD