Rwanda Forums Rwanda Facts The Rwanda Big Lie Reply To: The Rwanda Big Lie

#27825

Indoto z’umwana w’umuntu kuri we ziba ari nziza burigihe ariko siko biri imbere y’Imana.ivyo twipfuza gukora siko bizotubera ibihe vyose kandi bimwe tuzogenda tutabikoze.Isi ntigutware nabi kuko utazoyigumako.Ariko wiyumvire cane aho uzoba ibihe vyose kwari heza canke habi.iki nico gihe co kuhategura.
Mushiki wacu,genda Niko Uhoraho yabishatse naho udusigaranye intuntu nyishi ariko ukugenda kwawe kunyibukije ko nanje hari umusi abo nshavuza nabanshavuza tutazongera kubana mw’isi.
Uwo nakoreye nabi wese ndafukamye ndamusaba imbabazi kandi si ngombwa ngo mumbwire ko mumbabariye ariko murakoze.Nanje ndahariye abangiriye nabi Bose.
RIP MY LOVELY SISTER NGENDAKUMANA VIOLETTE.