Rwanda › Forums › Rwanda Facts › The Rwanda Big Lie › Reply To: The Rwanda Big Lie
AMAHORO nimigisha bibe kubari mwisi mwese cane cane abafise inzara ninyota vyo kugororoka.
Amahoro nimigisha bibe kubarubdi nabarundikazi bashasha aribo bagire binjire UBURUNDI BUSHASHA igihugu c’Amata n’Ubuki kitazotwagwa n’Imigambwe n’Amoko.
IKIGO C’IBIBONDO (centre des Enfants) UBURUNDI BUSHASHA. Ico kigo kirateye AKAMO abakristo bose numutima, abafise ingabire yurukundo go mubikogwa atari ugo kumunwa gusa.
Ko umukristo wese yogerageza kugira urukundo cane cane muri bino bihe bibi kuburundi. Ncuti za Yesu aho muri hose kwisi,
Mwibuke ko naho Abarundi twese turi mubibazo ariko tutanganya kubaho. Niyo mpamvu IKIGO C’IBIBONDO kibateye AKAMO ko gufasha IBIBONDO bigorewe mukambi zitandukanye aho Abarundi bahungiye hose.
Murizo nkambi harimwo IMPFUVYI nyinshi. Harimwo abana bo mwibarabara batagira aho baba. Ndetse NUBURUNDI Impfuvyi ziruzuye nabana bo mwibarabara.
Rero mwebwe mwagiriwe Ubuntu mukaba harico mushoboye gufashisha ivyo IBIBONDO, ico kigo kibibukije kubagarukirako uko ubushobozi bwanyu bungana. Wewe ufise agahuzu, wewe ufise akanoti, wewe ufise utwo kurya, eka mwese muhaguruke mugarukire kurizo mbabare.
Ivyo nubikora kuko nawe uwo mwana wawe yavutse nkabo turiko dutabariza. Rero nubikora bizotuma wibukwa nImana kumusi wamakuba.
Reka kwica amatwi harico ushoboye. Fasha. Genda mukambi mubafashe canke muje aho mugihugu..
Mugende mukambi nka NAKIVALE, NYARUGUSU, NDUTA, MUTENDERI, RUSENDA NAHANDI.
Mwebwe mudashobora kuhashika nimuje aho hafi yanyu Impfuvyi ziriho nabana bo mwibarabara.
IVYAKOZWE NINTUMWA 9 :36
Abitegute kumvira aka kamo bose tubasabiye imigisha iboneka mugitabo co GUHARURA 6 :24 – 26.
Ubu butumwa mubushikirijwe ni :
IKIGO C’IBIBONDO.
CENTRE DES ENFANTS “UBURUNDI BUSHASHA”
Mushora kuturondera kuri Watsapp zikurikira :
Muhimpundu Lambert +256773704653.
Manirakiza Richard +250787584814.
Canke mukadutelefona kurizi numero zikurikira :
Muhimpundu Lambert +25779487051, +25775487051, +256773704653, +250789922473.
Manirakiza Richard +250782002591.
Canke mugaca kuri Email yacu ariyo :