Rwanda › Forums › Rwanda Facts › The Rwanda Big Lie › Reply To: The Rwanda Big Lie
VYAVUZWE KERA BIMWE VYARASHITSE,IBISIGAYE NAVYO BIGIYE GUSHIKA VUBA>>. IMBURI KW’IHANGA RY’ABARUNDI. Ncuti z’umusaraba,bakundwa,soma iyi mburi y’ivyo Umuvugabutumwa BEBA yeretswe ari i Gatumba mu mwaka w’1992. 1.BEBA ari Gatumba yasavye Imana kw’akwiye kuja i Burundi,aravyemererwa,mugabo Imana imubwirako atazoba mu Burundi. 2.Imana iramubwira iti:hazoba amatora mu Burundi,ariko umukuru w’igihugu azotorwa bazomwica,uwuzokurikira nawe nyene bazomwica,uwa gatatu bazomwirukako. 3.Hanyuma y’ivyo Imana izohagurutsa imisore yanyu bahabwe inkomezi zo kurwana,indya bazorya,inka n’impene kandi bazogwana baba mw’ishamba. 4.Bazogwana gose,ariko Imana ntizokunda ko bafata igihugu kuko bohava bakuraho intumbero y’Imana. 5.Ico gihe impunzi aho zizoba ziri hose zizoca zihebura cane mbere zizokwicisha bugufi imbere y’Imana zihebuye. 6.Hanyuma y’ivyo hazoc’igihe,Imana ihagurutse umugwi uvuye inyuma y’igihugu witwa <<RUBURAKIGONGWE>>,bazokwinjirira mu bice bitatu vy’Uburundi batere amabombe mu gisagara ca Bujumbura,igisagara kizomera nk’ikibuga c’umupira,kizubakwa gusha. 7.Ico gihe abasoda b’Uburundi bazokwiyoberanya bambare impuzu z’ikigore bicare hasi bakome amashi.Abo nabo bazokira iyo ntambara. 8.Umuntu azoba arikw’ikimenyetso co gupfa azova iyo yahungiye atahuke kugira ngw’ivyo yagerewe bimushikeko. 9.Hanyuma y’ivyo,Imana izoca itora uwo yateguriye kuzotwara igihugu c’Uburundi imukuye mu buhungiro kubera ko abantu bazoba barapfuye ari benshi,abazomufasha gutwara azobarondera hanze y’igihugu. 10.Ico gihe nta ndyane z’amatongo zizoba zikiriho,umuntu azogerera aho agomba. 11.Amaraso azoseseka mu Burundi azoba ari menshi cane.Imana izogwisha imvura y’imisi 3 ikumure ayo maraso. 12.Ico gihe Abarundi b’impunzi bamwe bazoba barasabagiye mu bindi bihugu vya kure baratwawe n’INKUKUMA bazoca bahunguka bagaruwe n’Inkukuma. 13.Reka dusuzume buno BUHANUZI: Mu mwaka w’1993 amatora BEBA yavuze yarabaye NDADAYE aba umukuru w’igihugu inyuma y’amezi 3 baramwica.Hakurikiye NTARYAMIRA,inyuma y’ukwezi 1 arapfa.Hakurikira NTIBANTUNGANYA, BJYOYA amwirukako,ariko ntiyapfuye.Imisore ya CNDD-FDD na FNL yarahagurutse iragwana,ariko ntibafashe igihugu binjijwe n’AMASEZERANO YA ARUSHA.Ubu naho haravugwa umugwi hanze y’igihugu ushobora kuba ari ùwo RUBURAKIGONGWE ugira uze.Uwo nta vyinshi tuwuvugako turindire ubuhanuzi.AMEN.