Rwanda Forums Burundi Burundi Today Reply To: Burundi Today

#27614

AKAMO GATEWE ABARUNDI BOSE N UGWEGO RUKURU G UMUGAMBWE FRONT POUR LA LIBERTE DU PEUPLE ( F.L.P )

Barundi barundi kazi namwe rwaruka, nitugure urukundo.
Kuruno munsi urihejuru kw igenekerezo rya 31/08/2016 ugwego rukuru rurongoye umugambwe FLP mugihugu cose bashaka kubatera akamo kerekeye ninyifato yokwitegurira ubutegetsi buzoba bugizwe n abantu barangwa n agatima kogukunda igihugu hamwe n abanyagihugu bose.

Ugwego rukuru g umugambwe FLP rumaze kwihweza inyifato ningetso zabanyapolitike dusanzwe tumenyereye kubona, twahitsemo kumenyesha abarundi ibi bikwirikira :

1) kumenya yuko atamunyapolitike numwe murabo batanguye politike kuva 1972, nabo muri 1993 gushika kubavuye muri Cndd Fdd hamwe na FNL bashobora kuzozanira amahoro uburundi bwacu.

2) Abarundi ntitwizigire yuko umutegetsi uwariwe wese yavuye mugisirikare ashobora kuzanira amahoro uburundi bwacu, uko azoba ameze ukwariko kose avuye mu bwoko ubwaribo bose, vyitwa gusa kwari umusirikare ntamahoro azozanira abanyagihugu n uburundi. Ngira abadukuriye bariho mugihe c intwaro ya Colonel Michombero, Colonel Bagaza, Major Buyoya uko vyari bimeze. Ushizemwo niyi turimo imyaka irenge 10 irongowe na Commandant Nkurunziza Pierre.

3) Nukumenya yuko uburundi bwacu bwarinjiranywe busanga bwaguye muminwe y abicanyi karuhariwe bakoresha ubwicanyi kuva bakiri mwishamba kugira abarundi babashigikire, muribuka yuko mugihe c’intambara umuntu uwariwe wese atashigikira abagwanyi yaca yicwa. Naho yoba yari uwomubwoko bwabo.
Rero Commandant Nkurunziza Pierre hamwe na General Ndayishimiye Evariste ntihagire ikindi kintu mubazigako atari kubona abishwe bongerekana.

4) Abarundi nuko mumenya yuko aba banyapolitike bose bahari, abari hagati mugihugu bashigikiye umuhari CNDD FDD n abari hanze y igihugu biyita yuko bagize opposition n umuhari CNDD FDD bose baramaze kuruha muri politike ntakindi kintu babona imbere yabo cobashikana kubutegetsi atari inzira y’ubwicanyi nkiyo ikoreshwa n’umuhari CNDD FDD n’ababashigikiye. Akarorero kahafi nuko mubona yuko na CNARED inyuma yumwaka wose uheze barindiriye gusubizwa muri reta bamenyereye kubamo imyaka yose ngo bavugira abanyagihugu, vyanse ko basubiramo batanguye gukoresha imvugo yogukokeza intambara. Nuko intambara itanguye CNARED n imirwi igwana izoba ishigikiye bazokwica abanyagihugu. Hama CNDD FDD hamwe n’ababashigikiye bice abanyagihugu kurundi ruhande.

5) ugwego rukuru g umugambwe FLP rugomba gukebura abanyagihugu kumenya yuko abategura intambara bose batariko bazitegura ngo bakureho ubutegetsi bw abicanyi buhari unomunsi mugihugu cacu, ahubwo bayitegura kugira hapfe abantu benshi hama habe ibiganiro hagati y abicanyi bagizwe na CNDD FDD hamwe n abicanyi bazoba bagizwe nabiyita yuko aribo aba opposant ba CNDD FDD, bazoba bavuye muri CNARED canke muzindi mpande.

Ugwego rukuru g umugambwe FLP ruvuga ruti : harageze yuko uburundi bwacu buronka abategetsi batari abasirikare, batavuye murabo bose twadondaguye ngaho hejuru. Uburundi bwacu bugiye gutwagwa nabategetsi bakiri imiyabaga, bafitse ivyiyumviro na politike nshasha bakagira nagatima kokubabazwa nukubona canke kumva umurundi yapfuye kunzira iyariyo yose.
Abo bategetsi nabo ntahandi bazova atari yuko mwitegurira kubakira bavuye m umugambwe FLP.

Mukurangiza ugwego rukuru g umugambwe FLP rurabamenyesheje yuko atawundi mugambwe canke abandi banyapolitike bahari dufatiye kuraba tumenyereye kubona, bashobora gusimbataza amahoro nokugarukana akazi kubarundi itsinzi batagira akazi, atari m umugambwe FLP. Rero nukumenya yuko FLP kwariwo umugambwe wonyene gushika uno munsi ufitse politike yogukiza uburundi n iterambere ry abanyagihugu, nokwamiriza kure uwo wese ashaka gusubiza igihugu cacu muntambara.
Abo banyapolitike bose mubona imvugo zabo sizo ziri kumitima yabo, bagenda bavuga amahoro mugabo mumitima yabo bashigikira intambara nukuyitegura.

Murakoze

Nitugire urukundo kuri twese.

Kubw ugwego rukuru rurongoye umugambwe FLP mugihugu cose.

Ndayishimiye Atibu Gaspard
Umukuru w umugambwe FLP.