Rwanda › Forums › Burundi › Burundi Today › Reply To: Burundi Today
umuririmvyi rurangiranwa mu Burundi KIDUMU ateruye urumuri rw-amahoro ari hagati y-umukuru w-igihugu Petero Nkurunziza n-umutambukanyi wiwe i Ngozi.
“ISEZERANO RYUBURUNDI BUSHASHA nirya bantu bakeya batoranijwe kubwubuntu nayo abandibo bagume basangiye imitima yabo”
Abaroma 11:4-7.
Muhimpundu Lambert watsapp +256773704653.
AMAHORO nimigisha bibe kubari mwisi mwese cane cane abafise inzara ninyota vyo kugororoka kuko aribo bazohazwa.
Ariko kandi, amahoro n’imigisha bibe kubarundi nabarundikazi bashasha aribo bagiye kwinjira UBURUNDI BUSHASHA igihugu c’Amata n’Ubuki kitazotwagwa n’Imigambwe n’Amoko.
Nuko nuko. Rero tuyage ncuti zanje cane cane mbwira mwebwe bake mwatoranijwe kubwubuntu.
Iyo tuvuga isezerano RYUBURUNDI BUSHASHA, bibera benshi IKIGUSHA. Bamwe baragangabuka ukamenga bari bazi ko ari BASAMURAGWA kuburundi.
Benshi baragwanya ubuvugishwa bwose butavugako aramaho nimigisha. Mbere murabo babigwanya huzuyemwo nabitwa abarongozi Bama shengero.
Ariko impamvu babigwanya nuko bari bizigiye ko Imana itokubahuka guhagurutsa abandi nabo baraho bitwa abungere bakomeye batwara amashengero manini.
Ariko rero, IMANA yacu numugabo koko. Yaravye mumitima yabo Bagabo isanga barirata cane. Ica yigira kucavu civyaha ihagurutsa abanyamahanga iba aribo icishamwo amabanga yose yibigiye kuba.
Ivyo rero biba bigushije bamwe bigira AbIsirayeri bimbere. Ya Mana nayo irabareka baragwa gose kugira itere ishavu AbIsirayeri banangiye imitima. 11:4-15.
Mugenzi utege ugutwi neza. Ndasubiyemwo ngo isezerano RYUBURUNDI BUSHASHA nirya bantu bakeya batoranijwe kubwubuntu. Abandi bo bigumiye banangiye imitima gusa bibwira ngo turabisirayeri kumbe baguye kera kubwo gufukamira Bayali bayigize imana yabo
None mbe nkubaze, wewe urimwo mubatoranijwe kubwubuntu? Ubu jewe ndaryohewe cane kuko iyo Abo Bagabo bagereranywa na bIsirayeri batagwa ubu simba ndiko nkorera Imana. Rero ubugombe BW’IMANA nuko bwabishatse kandi ntawobibuza.
Mbega wewe urimwo? Mbega wewe nturafukamira Bayali? Mbega wewe umutima wawe ntunangiriye? Ko waburiwe ngo wihane ico caha usigaranye, waracihanye?
Wewe utafukamira Bayali, isezerano RYUBURUNDI BUSHASHA nigwawe. Eka nawe wamufukamiye ukaba warasuzuguye Bayali nivyiwe ukihana neza ugaturira ivyo yari yaraguhaye, ugasigarana nImana gusa ariyo ukorera mukuri no mumpwemu. Nawe isezerano RYUBURUNDI BUSHASHA nigwawe.
Eka hari nikindi gitigiri cababihawe kubuntu abo naje ndimwo kuko narumunyavyaha nakuwe kucavu none narasezeraniwe kubona nukwinjira UBURUNDI BUSHASHA. Ariko nubwo biruko, jewe nawe nuwundi wabisezeraniwe kubuntu ntitwijajare kuko nkuko Mose kukanyuma atabonye Igihugu c’Amata n’Ubuki niko nawe nanje nitwijajara mumwanya muto usigaye isezerano RYUBURUNDI BUSHASHA riraducika.
Rero wewe usoma reka guta icizere kubwivyaha vyinshi ukora nivyo wakoze. Nivyo washeshe amaraso menshi ariko niwihana uraja muri cagitigiri gito catoranijwe isezerano RYUBURUNDI BUSHASHA kubwubuntu. Nivyo abo mwasambanye ntiwobaharura nubu urabandanya ndetse hari naba guca intege ngo ntiwoba ukigirigwa Ubuntu ariko nabakwanka. Je ndakubwiye nkuwagutumweko ngo heba vyose hama ushigwe muri cagitigiri gito catoranijwe kubwubuntu. Kandi uko nukuri nkubwiye.
Namwe mwagumye munangiye imitima ntakundi kuko nukugira ivyavuzwe bibasohoreko ariko icompa mukambara amagunira mukiyeza.
Isezerano rirasohoye ariko ngo nirya bantu bakeya batoranijwe kubwubuntu. Mbere ngo huzuyemwo abanyamahanga benshi mubatoranijwe kuko mwebwe abimbere mwebwe abayuda mwinangiye imitima mwemera gufukamira Bayali mwibagira iyo yabakuye muri Egiputa.
Bamwe rero mwama mwibazisha utuntu dupfuye hakwihana. Ngo mama UBURUNDI BUSHASHA buzoba ari Paradiso inyishu ni Eka. Ariko ngo kizoba ari igihugu catoranijwe gihabwa umugisha nka isirayeri ya kera itarandura.
Reka mbabaze nanje. Isirayeri yakera yibitangaza vyinshi namahoro numugisha. Yari Paradiso? Nyishura.
Abandi ngo muburundi BUSHASHA ntavyaha bizobamwo? Inyishu ni bizobamwo kuko harabobizoshika bakagira ubunebwe canke ubusubiranyuma
Reka nanje mbabaze. Mbega iyo umuntu abatijwe ntaba icaremwe gisha? None ntasubira gucumura?
Mureke kwitoza utunyoni ahubwo mwihane rutarabuzurirako. Nayo iyo mudutuka muba muriko mudukomeza. Nkaca gikere bata mumazi bibazango baragikomesheje.
Bene data, isuzume kubwubwo butumwa. Ntubusuzugure kuko nubwawe.
Iyandikishe ubunyene murico gitigiri ataruko urarimbuka.
Ubu butumwa mubushikirijwe kandi na :
Ministeri y’Ivugabutumwa yitwa “UBURUNDI BUSHASHA” Ivyabona vya KRISTO I YERUSAREMU, i Yudaya, i Samariya no kugeza kumera Z’ISI.
Niyo kandi ”
Ministere chretienne” UBURUNDI BUSHASHA “Les temoins du CHRIST a Jerusalem, a Jude, a Samaritin et au monde entier.
Canke mugaca kuri Watsapp zikurikira +256773704653.
Canke mukadutelefona kurizi numero zikurikira.
Muhimpundu Lambert +25779487051, +25775487051, +256773704653, +250789922473.
Canke mugaca kuri Email yacu ariyo “: