Rwanda Forums Great Lakes of Africa The culture of Fierce Political Rivalry in Burundi Reply To: The culture of Fierce Political Rivalry in Burundi

#137

Inyuma yaho umuvugizi wa CNDD FDD hamwe numugambwe wiwe bagirije amashirahamwe akomakoye yi Burayi ko ariko afasha guhungabanya umutekano mugutanga ubushimwe bwamahera MENSHI kuri CLAVER MBONIMPA hamwe na Maggy Barankitse, abo bene guhabwa ubwo bushimwe bahisemwo kutaguma bacecetse!

Ubwa mbere bwo ,Pierre claver Mbonimpa abandanya ashimira ayo mashirahamwe aho agirako anayasaba kutumviriza reta ya Nkurunziza nabariko barayikorera !
.
MBONIMPA ATI : ” Ibikorwa vyiza vyacu dukorera abarundi biwacu ntawutabibona kiretse reta ya Nkurunziza numugambwe wiwe CNDD FDD! ATI agashimwe kerekana ibikorwa umuntu aba yakoze! kurubwo rero na Gelase Ndabirabe narindire ibikorwa vyoguhohotera abarundi azobironkera agashimwe kandi vuba!”

MBONIMPA abandanya avuga ko bimaze kugaragara ko reta ya Nkurunziza yarushe ,iriko ita wakuba yongera ijebajeba kubera guta umutwe ! kuriwe ati hageze ko ibikorwa bibi bariko bakorera UBURUNDI n’Abarundi babironkera agashimwe ! ..

MBONIMPA abandanya ahumuriza abarundi ATI rema naho muremerewe kuko ngo ntibicaye ! ati turiko tubandanya tuvugira Igihugu nabanyagihugu kandi amakungu ariko aradutahura !

Mbonimpa asanzwe arongoye Ishirahamwe Aprodh akaba yaronkejwe agashimwe nkumuntu wambere yagwaniye democratie hamwe nagateka kazina muntu ,aho yagahawe ninama nshingamateka yi Wallonie I Bruxelles mu Bubirigi !

MBONIMPA uti, Igikorwa canje cokugwanira agateka kazina murundi wese kirabandanya kandi sinduha ! nayo abarundi ngo: Rema !